Mu Burundi Abigisha 30000 Bagiye Gukarihirizwa Ubwenge

Mu Burundi umuvugizi w’ubushikiranganji bw’indero n’ubushakashatsi, Liboire Bigirimana amenyesha ko abigisha 30 000 bigisha kuva mu mwaka wa mbere gushika mu mwaka wa gatandatu bagiye gukarihirizwa ubwenge.

Raporo yakwozwe mu mwaka 2019, n’ikigo kijejwe gusesangura akanovera k’inyigisho mu Burundi irerekana ko inyigisho mu Burundi zifise akanovera ariko ko hari agahaze.

Liboire Bigirimana umuvugizi w’ubushikiranganji bw’indero n’ubushakashatsi amenyesha ko bazobanza gukora ikibazo kugira basuzume aho ubumenyi bwabo bugera. Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Desire Hatungimana yabikurikiranye

Your browser doesn’t support HTML5

Inyigisho mu Mashuli y'Uburundi Zigiye Kongererwa Akanovera