Museveni Yafashije Abarundi Kwemera Kuganira

Intego ni ugukemura impagarara za politiki mu Burundi

Inyuma y’umusi ugira kabiri abonana n’abanyapolitike hamwe n’abarongoye amashirahamwe atagira inyungu za politike, perezida w’igihugu ca Uganda, Yoweri Museveni yashoboye kubajijura kwicara hamwe .

Umuhanuzi mukuru wa perezida w’Uburundi, Willy Nyamitwe, avuga ko reta y’Uburundi ishima impanuro bwana Museveni yahaye abarundi, abasaba kuja mu biganiro.

Your browser doesn’t support HTML5

Willy Nyamitwe avuga kuri perezida Museveni 4'30"

Innocent Muhozi, arongoye ishirahamwe rijejwe akarangamutima k’ugutangaza amakuru nawe nyene avuga kw’abegwa n’ibibazo vya politike mu Burundi bose bashimye impanuro za Yoweri Museveni.

Your browser doesn’t support HTML5

Innocent Muhozi avuga ku mpanuro za Museveni 5'54"