Laetitia Mizero Hellerud: Imyiyerekano y'Abashigikiye Trump Isuzuguje Amerika

Your browser doesn’t support HTML5

Impande zitandukanye zibandanya kugira ico zivuze ku bayoboke ba Perezida Donald Trump bugarije ingoro y'inama nshingamateka na nkenguzamateka vya Amerika, bakabomagura ibikoresho bitari bike bagerageza kuburizamwo igikorwa co kwemeza intsinzi ya Joe Biden. Madamu Laetitia Mizero Hellerud, Umunyamerikakazi akomoka mu Burundi yitoje mu kibanza ca Senat ya Reta ya North Dakota, mu kiganiro yagiranye n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Diane Nininahazwe, yasiguye ko iyi myiyerekano isuzuguje Amerika yahora ifatwa nk'intanga rugero mu vya Demokarasi.