Ekleziya Katolika mu Burundi Yibutse Musenyeri Joachin Ruhuna

Abasenyeri Katolika mu muhango wo kwibuka ku ncuro ya 25 Musenyeri Joachin Ruhuna.

Kuri uyu wa kane imyaka 25 irarumanye uwahoze ari musenyeri mukuru wa Diyoseze nkuru ya katolika ya Gitega, Joachin Ruhuna, yishwe n'abarwanya Reta bitwaje ibirwanisho. Hari kuwa 9 ukwezi kwa cenda 1996 i Gitega nyene.

Ibirori vyo kwibuka Musenyeri Ruhuna vyatangujwe n’imisa yabereye kuri paruwasi yitiriwe Christ Roi iri ku Mushasha ku mugwa mukuru wa poritike Gitega. Iyo misa yasomwe na Musenyeri mukuru wa Diyoseze ya Gitega, Simon Ntamwana.

Musenyeri Ntamwana yasavye Abakatolika n’Abarundi muri rusangi gufatira akarorero kuri Ruhuna, abinginga kwama na ntaryo bitwararika kutaganzwa na kamere y’amacakubiri uko asa kose.

Ibindi kuri iyi nkuru, kurikira umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika, Eloge Willy Kaneza, ari i Nairobi.

Your browser doesn’t support HTML5

Musenyeri Joachin Ruhuna Yibutswe ku Nshuro ya 25 mu Burundi