Irahira rya Perezida Mnangagwa mu ma Foto

Perezida Edgar Lungu wa Zambia, Cyril Ramaphosa wa Afurika y'Epfo , na Paul Kagame w'u Rwanda mu birori vyo kurahiza Emmerson Mnangagwa, i Harare  

 

Umukuru wa sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro, Luke Malaba, ari kumwe perezida Mnangagwa 

Perezida Emmerson Mnangagwa n'umutambukanyi wiwe Auxillia bari kumwe n'icegera ca mbere ca zimbabwe  Constantino Chiwenga na madamu wiwe  Mary mu birori vyo kurahira 

Bona, umukobwa w'uwahoze aramutswa Zimbabwe Robert Mugabe ariko akeza  Mnangagwa 
 

Priscilla Chigumba, aramutswa umurwi utegura amatora muri Zimbabwe ariko avugana na perezida Emmerson Mnangagwa ku musi wo kurahira 

Douglas Mwonzora, umunyamabanga w'umugamwe MDC utemera ivyavuye mu matora yashikanye Mnangagwa ku butegetsi. Aha yariko avuga ko ukurahira kwa Mnangagwa bidasigura ko amatati yo kutemera ivyavuye mu matora aheze. 
 

Abanywanyi b'umugambwe ZANU-PF, bariko bigina ukurahira kwa Mnangagwa 

Bamwe mu banyagihugu bitabiriye irahira rya perezida Emmerson Mnangagwa.