Impunzi z'Abarundi muri Tanzaniya Ziravuga iki ku Ngingo Zifatirwa na Reta?

Reta y’igihugu ca Tanzaniya ikomeje gufatira ingingo impunzi z’Abarundi zahungiye mur'ico gihugu.

Inyuma y’iyugarwa ry’amasoko rusangi no kubuzwa kurima noneho babujijwe no gutunga ibitungwa bitandukanye vyahora bibafasha mu buzima bwo mu buhungiro.

Ijwi ry'Amerika kuri uyu wa kane yasuye Abarundi bahungiye mu nkambi ya Nduta.

Uko bakiriye iyo ngingo barabivugira kuri micro ya James Jovin, umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika ari mur'ico gihugu.

Your browser doesn’t support HTML5

Impunzi z'Abarundi Zivuga iki ku Ngingo Zifatirwa na Reta ya Tanzaniya