Imigwi y'Abarwanyi b'Abarundi Ikomeje Kwigaragaza Muri Kongo

Ahaherereye Uvira

Abanyagihugu bo mu karere ka Kahololo gaherereye muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo hafi y’igisagara ca Uvira bavuga ko batewe ubwoba n’abarwanyi b’Abarundi bagenda biyongera mu micungararo y’ako karere.

Abavuganye n’Ijwi ry’Amerika bemeje ko abaharwiriye ari abo mu murwi urwanya ubutegetsi bw’i Bujumbura Red Tabara ushinze imizi mu mitumba ya Kiryama, Mugabo na Gifuni.

Imihana yegereye ahari ibirindiro vya Red Tabara

Ijwi ry’Amerika ryaragerageje kwinjira mu birindiro vya Red Tabara vyo mu kiryama ariko abarwanyi b’uwo murwi ntibemera.

Hambavu y’uko abo muri Red Tabara bankiye Ijwi ry’Amerika gushika aho bafise ibirindiro, banse no kugira ico bavuga ku bijanye na gahunda yabo ndetse no ku mishamirano yoba yarahuje abo barwanyi n’abandi bo mu murwi wa Forebu.

Nta bitigiri vy'abarwanyi b’Abarundi babarizwa mu karere ka Uvira Ijwi ry’Amerika ryashoboye kumenya naho amakuru yo kwizera ryavanye mu begereye abo barwanyi yemeza ko habarizwa imirwi itatu: Red Tabara, Forebu na FNL ya Nzabampema.

Inkuru yateguwe n'umunyamakuru w'ijwi ry'Amerika muri Kongo Vedaste Ngabo.

Your browser doesn’t support HTML5

Ibindi kuri iyi nkuru