Burundi: Ikena ry'Igitoro mu Gisagara ca Bujumbura

Imwe mu ma stasiyo atanga Igitoro i Bujumbura

Ikibazo c'ikena ry'igitoro mu gisagara ca Bujumbura mu Burundi catanguye kwibonekeza kuva kuri uno wa kane. Abunguruza abantu n’ama modoka bemeza ko agahombo ari kanini.

Daniel Mpitabakana,umuyobozi ajejejwe ivy'igitoro mu bushikiranganji bw'ubudandaji mu Burundi, ahumuriza ko ico kibazo hatazorenga mu ndwi iza kitarakemurwa.

Amashusho yo muri Kahise

Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Raymond Nzimana aho yaciye ku ma stasiyo agifise, yahasanze imirongo y'amamodoka n'abantu

Your browser doesn’t support HTML5

Mu Gisagara ca Bujumbura Igitoro ni Umuzi w'Ibuye