Ijwi ry'Amerika mu Kirundi n'Ikinyarwanda Vuba Irakwiza Imyaka 25

  • Diane Nininahazwe

Ku wa gatanu w’ino ndwi, igisata c'Ikirundi n'Ikinyarwanda ca Radiyo Ijwi ry’Amerika kizokwiza imyaka 25 kimaze gitanguye kubashikiriza ibiganiro n’amakuru. Muri iyi ndwi dutanguye, ibiganiro vyacu bizoshimikira ahanini ku co iyo radiyo yashoboye gushikako muri iyo myaka, n’ico itegekanya kuzoshikako muri kazoza ka hagufi n’akakure.

Mu kiganiro Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Diane Nininahazwe yagiranye na Etienne Karekezi atwara Igisata c’Ikirundi n’ikinyarwanda akaba ari mu bakozi batanguranye n’ico gisata mu 1996, yasiguye ingene Ijwi ry'Amerika ryavutse, intambamyi Iradiyo aramutswa yagiye iragira, n'imigambi ya kazoza.

Your browser doesn’t support HTML5

Ubutumwa bw'Uburongonzi bw'Ijwi ry'Amerika mu Kirundi n'Ikinyarwanda ku Bakunzi Bayo