Burundi: Ubukene bwa Lisansi muri Ngozi

Sitasiyo ya lisansi muri Ngozi

Hari ubukene budasanzwe bw’igitoro ca lisansi mu ntara ya Ngozi. Abakora akazi ko kunguruza abantu bavugako bariko bakora bahomba kuko bariko bakigura amahera menshi kuri magendu. Abo bunguruza abantu n’ivyuma bibkoreshwa n’igitoro bavugako badashobora kuduza ibiciro kubo bunguruza kuko baca bahitamwo kugenda n’amaguru.

Ni mugihe bamenyesha ko n’ababashorera bari basanzwe ari bake cane muri ino misi. Bamwe mu bakora kuma pompo y’ibitoro vya essence I Ngozi bavugako bavugako bamaze ukwezi kurenga bataronka igitoro ca lisansi.

Bavugako bashebuja bahosanzwe bakibarungikira kivuye I Bujumbura batababwira ingorane zihari kugira igitoro kiboneke. Umuhanuzi wa buramatari w’intara ya Ngozi ajejwe ivy’ubutunzi avugako bamazi imisi baronka icizere bahabwa n’abacuruza igitoro bababwirako kiri mu nzira kiza.

Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Jean Bosco Ndarurinze yagenderye intara ya ngozi aratubwira uko byifashe.

Your browser doesn’t support HTML5

Ubukene bwa lisansi muri Ngozi