CNARED Yoba Yaragize Imishikirano na Reta y'Uburundi?

Dr. Jean Minani ni we umukuru w'urunani CNARED

Urunani CNARED rutavuga rumwe na reta y’Uburundi rwishinze umugambi wo kugarukana amahoro no kwubahiriza amasezerano y’I Arusha rurahakana amakuru yatangajwe ku mbuga ngurukanabumenyi avuga ko abarurongoye bari mu mishikirano mu mpisho na reta y’Uburundi.

Mu kiganiro yagiranye n'umumenyeshamakuru Frederic Nkundikije w'Ijwi ry'Amerika, umuyobozi warwo Dr. Jean Minani arahakana ko abarongoye urwo runani basavye gukingirwa mu gihe botahuka mu Burundi.

Your browser doesn’t support HTML5

CNARED Irahakana Amakuru y'Imishikirano na Reta y'Uburundi