Centrafika: Abarenga 30 Baguye mu Bitero vy'Abitwaje Ibirwanisho

Central African Republic

Abategetsi muri Republika ya Centrafrika bavuga ko abantu barenga 30 bapfuye inyuma yuko umurwi w’abarwanyi bagize ibitero mu mihana itari mike muri ico gihugu.

Reta yaragabishije umukuru w’uwo murwi w’abarwanyi uzwi kw’izina rya 3R. Yabasavye gutanga abagize uruhara muri ubwo bwicanyi. Ubwo bwicanyi bwabereye mu mihana itari mike iri mu buraruko bushira uburengero bw’igihugu hafi y’urubibe n’igihugu ca Chad.

Umuvugizi wa Reta, Ange-Maxime Kazagui avuga ko uwo murwi w’abarwanyi wihoye ku banyagihugu baba mu gice ca Ouham Pende inyuma yuko umuntu umwe yishwe.

Lucien Mbaigoto, umushingamateka ava muri ako karere yatangaje ko abarwanyi b’umurwi uzwi kw’izina rya 3R batubahiriza amasezerano y’amahoro yateweko igikumu n’abayobozi babo, harimwo amasezerano yateweko igikumu mu kwezi kwa kabiri.