Burundi: Uwahatswe Kwica Musitanteri wa Komine Muyinga Yahagaritswe

Ikarata y'ahaherereye Komine Mwakiro

Polisi y’Uburundi itangaza ko yataye muri yompi umukuru wa Zone na komine Mwakiro yo mu ntara ya Muyinga, imwagiriza guhakwa kwambura ubuzima musitanteri w'iyo komine.

Uwaraye ahatswe kugandagurwa ni Sylvie Muhimpundu arongoye komine Mwakiro, uwagirizwa nawe guhakwa gukora iryo bara akaba Nyabenda Balthazar.

Amakuru yatohojwe n’Ijwi ry’Amerika avuga ko vyabaye kuri uyu wa kane. Intandaro ya vyose nk’uko isoko ryacu I Mwakiro ryabitubwiye, musitanteri wa Mwakiro yatumyeko mu biro iwe uwo mukuru wa zone kugira yisigure ku biti vya Reta yatemaguye atabirekuriwe n’amategeko.

Balthazar yarareggutse, niko kuja mu mpari z’urutavanako na musitanteri yahavuye atabaza polisi nayo imaze kuza isangana uwo mutegetsi wa Zone Mwakiro ikibugita yari yanyegeje mw’ishesheti ryiwe. Ico kibugita nkuko polisi y’Uburundi yabitangaje ni naco cari gukora ibara.

Ikibugita cari gukora ibara

Ivyo biti yategerezwa kwisigurako vyari biteragiye ku mpande z’ibarabara ku mitumba ya Kibwigwa, Kibande na Butobwe ya komine Mwakiro.

Sentate nkuru y’igihugu ya Muyinga itegekanya gusasa mu ntahe y’ikibiriraho kuri iyo dosiye y’umukuru wa zone Mwakiro apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Muyinga kuva ku munsi wa kane, kuri uno wa mbere.