Burundi: Utuzu twa Surwumwe Tudashemeye Duhitana 61% vy'Abana

Ikarata Yerekana Uburundi

Ubushikiranganji bw'amagara y'abantu no kurwanya SIDA mu Burundi bwemeza ko Abarundi barenga ibice 90% bakoresha utuzu twa surwumwe tudashemeye.

Ibitigiri vyatangajwe n'ubwo bushikiranganji inyuma y'imisi bwari bumaze bugendera intara zose mu ntumbero yo guhimiriza abajejwe intwaro kubijanye n’imisarani ibereye, vyerekana ko ibice bigera kuri 61% vy'abana bari munsi y'imyaka itanu uko umwaka utashe bahitanwa n'indwara z'isuku rike ziterwa n'ico kibazo.

Umukuru w'igisata kiraba ivy'isuku muri ubwo bushikiranganji, Prosper Muyuku, yabwiye Ijwi ry'Amerika ko bimwe mu bituma ico kibazo cunyuka harimwo imisarani yubakwa hadategekanijwe ico kuyifuka.

Ubushikiranganji buraba ivy'amagara y'abantu mu Burundi butangaza ko bwipfuza ko mu mezi atatu ari imbere Abarundi bose boba bakoresha utuzu twa surwumwe tubereye.

Ibihano bitatomowe birategekanijwe ku bazobera intambamyi uwo mugambi n'abatazowitabira nkuko ubwo bushikiranganji bubandnaya bubivuga.