Kira-Burundi Yahisemo Domitien Ndayizeye nka Kandida mu Matora

Kuri uyu wa mbere, urunani Kira-Burundi rugizwe n'imigambwe itatu rwatanze Domitien Ndayizeye yarongoye Uburundi hagati y'umwaka w'i 2003 n'uw'i 2005 ngo arubere umukandida mu matora y'umukuru w'igihugu yimirije.

Ndayizeye yamenyesheje ko aramutse atowe yogarukana umwizero mu Barundi n'indongozi nk'uko vyari vyifashe ku ntwaro mfatakibanza aho abategetsi bashira imbere ineza n'inyungu vy'igihugu aho kwiyumvira ku migambwe yabo.

Yanashimangiye ko yogarukira agateka ka zina muntu aho ata muntu yozira iciyumviro ciwe.

Inkuru yateguwe n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Eloge Willy Kaneza.

Your browser doesn’t support HTML5

Burundi: Domitien Ndayizeye ku Rutonde rw'Abazokwitoza mu 2020