Imyiyerekano y’Abarundi yabereye imbere y’icicaro ca ONU mu gisagara ca New York, italiki ya 26/04/2016

Your browser doesn’t support HTML5

Ku wa kabiri itariki ya 26 y’ukwezi kwa kane, umwaka w’ 2016, abarundi n’incuti z’abarundi barakoze imyiyerekano yo kwibuka umwaka umwe urangiye hatanguye imyiyerekano mu gihugu. Abakoze iyo myiyerekano, bavuze kw’Uburundi bwaboshwe kuva kw’ italiki ya 26 y’ukwezi kwa kane, umwaka w’ 2015. Basavye ishirahamwe mpuzamakungu ONU gutabara, rigahagurukira ikibazo c’umutekano w’abanyagihugu.