Burundi: Abarimyi b'Ipampa Baridoga ko Batitaweho

Umurimyi mu murima w'ipampa ku kiyaya c'imbo mu Burundi

Mu Burundi, abarimyi b'igiterwa c'ipampa baridoga. Iruhande yo kutaronswa ifumbire uko bavyifuza, bavuga ko Reta iribagurira ku giciro gito ku mafaranga 800 ku kilo kimwe mu gihe bifuza n'imiburiburi 1200.

Abarimyi batandukaye bo mu kiyaya c’Imbo cimbukamwo igiterwa c’ipampa baganiye n’Ijwi ry’Amerika bemeza ko uyu mwaka umwimbu ari muke cane. Bavuga kandi ko ari ikibazo kimaze imyaka myinshi cisubiriza.

Umviriza iyi nkuru mu majwi y’umumenyeshamakuru w’Ijwi ry’Amerika i Nairobi, Eloge Willy Kaneza

Your browser doesn’t support HTML5

Abarimyi b'Ipampa mu Burundi Basaba Guhabwa Agaciro