Burundi: Abantu 30 Bagirizwa Gutera muri Muramvya Bahagaritswe

Pierre Nkurikiye avugira ubushikiranganji bw'umutekano

Inzego z'ubutegetsi bw'Uburundi zitangaza ko abantu barenga 30 bamaze guhagarikwa kubera igitero cahitanye abantu barenga 18 muri komine Rutegama, intara ya Muramvya hagati na hagati mu gihugu c'Uburundi mw'ijoro ryo kuwa 26 rishira uwa 27 ukwezi kwa gatandatu gushize.

Amwe mu mashirahamwe yigenga yemeza ko abahagaritswe ari abahoze mu gisirikare hamwe n'abanywanyi b'umugambwe CNL utavuga rumwe n'ubutegetsi.

Ubushikiranganji bw'umutekano buvuga ko abagize uruhara muri kino gitero bose bategerezwa gufatwa atawuvuyemwo kandi ko abakuru b'intara bamaze guhabwa amabwiriza na perezida Evaritse Ndayishimiye kuvyitwararika.

Umviriza ido n'ido ngaha mu nkuru y'Ijwi ry'Amerika yateguwe na Eloge Willy Kaneza.

Your browser doesn’t support HTML5

Ubutegetsi bw'Uburundi Bwahagaritse Abagirizwa Gutera muri Muramvya