Burundi: Abana n'Abakenyezi Bibungenze Bagiye Kuvuzwa ku Buntu

Thadee Ndikumana umushikiranganji w'amagara y'abantu

Banki y'Isi yose n'ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Bulaya bigiye guha Uburundi imfashanyo y'imiriyoni 46 z'amadorari y'Abanyamerika izofasha cane cane mu mugambi wo kuvuza abana n'abakenyezi bibungenze ku buntu.

Umushikiranganji w'amagara y'abantu Thaddee Ndikumana amenyesha ko kuva muri kuno kwezi aberekewe n'uwu mugambi bazotangura kurihirwa amafagitire.

Umviriza inkuru yose ngaha ku Ijwi ry'Amerika tuyishikirizwa n'umumenyeshamakuru Eloge willy Kaneza akorera i Nairobi muri Kenya

Your browser doesn’t support HTML5

Uburundi Buzoronswa Imfashanyo yo Kuvura Abana n'Abakenyezi Bibungenze