Ubuholandi: Jenerali Yaguye muri Gereza Mpuzamahanga

Jenerali Zdravko Tolimir ari mu rukiko

Umusirikare w’ipete rya Jenerali yamuka muri Bosniya yarapfiriye muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’i Lahe mu Buholande kumusi wa mbere.

Jenerali Zdravko Tolimir, yahoze arongoye ibiro vy’iperereza vy’igisirikare ca Bosniya w’imyaka 67 yari apfunzwe yagirizwa na sentare mpuzamakungu ivyaha vy’ihonyabwoko, ivyaha vyo mu ntambara n’ivyaha vyo guhonyanga agateka kazina munt

Yari yaciriwe gufungwa burundu mw’ihonyabwoko yakoze ku bagabo n’abahungu bashika ibihumbi umunani, ubwicanyi bwakozwe n’abasirikare ba Serbiya mu gisagara ca Srebrenica, kiri mu buseruko bwa Bosnia-Herzegovina.