Biden Avuga ko ni Yatorwa nka Perezida Azosubiza Amerika muri OMS

Joe Biden ashobora guharanira ikibanza ca Perezida mu ruhande rw'umugambwe w'abademokrate.

Umunyapolitiki Joe Biden yatangaje ku musi wa kabiri ko n’iyo yatorwa kuba perezida azosubiza Amerika mw’ishirahamwe OMS, mu guhindura ingingo ya Prezida Donald Trump y’ugukura ico gihugu muri iryo shirahamwe.

Biden abonwa ko ari we azoserukira umugambwe w’abademokrate mu matora y’umukuru w’igihugu azoba muri Amerika mu kwezi kw’icumi na rimwe kw’uyu mwaka. Mu butumwa ku rubuga Twitter, Biden yavuze ko umutekano w’Abanyamerika wiyongera kurushiriza mu gihe igihugu cabo ciyemeje ku vyerekeye gukomeza ibijanye n’amagara y’abantu kw’isi.

Yatangaje ko ku musi wiwe wa mbere ari prezida, azoca asubiza Amerika mw’ishirahamwe OMS, agasubiza igihugu mu kibanza caco c’ukuyobora ibindi mu makungu. Ivyo Biden yabitangaje inyuma y’uko Prezida Trump afashe icese intambwe ku musi wa kabiri z’ugukura igihugu ciwe mw’ishirahamwe OMS.

Trump yagiriza ishirahamwe OMS ko ryikweze mu kwishura igihe ikiza c’umugera wa Corona caduka. Mu kwezi kwa gatanu, yari yatangaje ko agiye guhagarika uruhara rw’Amerika muri iryo shirahamwe.