Bamwe mu Bahoze muri CNDD-FDD Bashinze Umugambwe Mushasha

Jeremie Ngendakumana

Bamwe mu bahoze mu mugambwe uri ku butegetsi mu Burundi CNDD-FDD bahunze igihugu bashinze umugambwe mushasha witwa PDG-Girubuntu, Parti pour la Democratie et la Bonne Gouvernance.

Abo bahoze ari abagumyabanga banashinzwe amabanga akomeye mu gihugu bavuga ko iciyumviro co gushinga umugambwe wabo cabajemwo mu kwezi kwa cumi mu nama yabahurije I Kampala muri Uganda.

Bemeza ko icatumye biyumvira gushinga uwo mugambwe ari uko bifuza igihugu gitwawe neza mu bisata vyose haba muri politike, ubutunzi n’imibano kugira intwaro ibereye ishinge imizi.

Inkuru yateguwe n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Pierre Claver Niyonkuru

Your browser doesn’t support HTML5

Bamwe mu Bahoze muri CNDD-FDD Bashinze Umugambwe Mushasha