Amwe mu Mafoto y'Ahari Inzibutso z'Ibitero vy'Abihevyi muri USA mu 2001

Ahari icibutso c'abahitanywe n'ibitero vy'abihevyi, Memorial Plaza, muri Reta ya New York iri mu zo intagondwa zateye. 

Amashurwe yo mu bwoko bw'amaroza yashizwe ahari amwe mu mazina y'abazize ibitero vyo mu 2001 muri Reta ya New York 

Ahari inzu yibutsa amateka y'ishano ryagwiriye Amerika mu 2001. Ino nzu iri i New York 

Ishano ryagwiriye Reta zunze ubumwe z'Amerika igenekerezo rya 11 ukwezi kw'icenda mu 2001 ntirizokwibagirana mu mateka: Mu kiringo kiri munsi y'iminota 102, abantu bababa 3000 baguye mu gitero c'abihevyi gisumba ibindi vyose vyabaye muri Amerika.