Amwe mu Mafoto y'Amatora Rusangi muri Kongo

Umunyagihugu yatoreye ahitwa Kanyaruchinya, ariko agenzura amazina y'abitoza imbere y'uko atora uwo yipfuza guha Ijwi ryiwe.

Prezida wa Kongo Felix Tshisekedi ariko aratora.  Yatoreye i Kinshasa. Prezida  Felix Tshisekedi aramutswa Kongo kuva mu 2019, ahanganye n'abakandida 18 bipfuza kumusubirira. Ariko arondera manda ya kabiri.

Abagize komisiyo itegura amatora muri Kongo, bereka Muganga Denis Mukwege uko abwirizwa gutora. Muganga Mukwege ari mu bakandida 18 bipfuza gutwara Kongo. Yarigeze gutsindira agashimwe k'amahoro kitiriwe Nobel. Yamenyekanye kubera ibikorwa vyiwe vyo gufasha abapfasoni n'abigeme bakorewe ihohoterwa rishingiye ku gitsinda mu buseruko bwa Kongo.

Muganga Denis Mukwege, umwe mu bakandida mu matora ya prezida wa Kongo. Aha, yariko aratora. Yatoreye i Kinshasa. Muganga Mukwege ari mu batavuga rumwe n'ubutegetsi bwa Kongo.

Umunyepolitike Martin Fayulu atavuga rumwe n'ubutegetsi bwa Kongo. Fayulu ni umwe mu bitoza mu kibanza ca prezida wa Kongo. Yatoreye i Kinshasa.

Abanyagihugu ba Kongo bari mu bateshejwe izabo. Aba, batoreye ahitwa  Kanyaruchinya.

Umwe mu bagize komisiyo y'igihugu ijejwe amatora muri Kongo, amanika intonde z'abiyandikishije gutora.

Aba banyagihugu nabo nyene bari mu bateshweje izabo. Aha bari ahi batoreye.

Umwe mu banyagihugu batoreye mu gisagara ca Goma kiri mu ntara ya Kivu ya ruguru.

Bamwe mu banyagihugu batonze umurongo barindiriye gutora.

Abanyagihugu b'i Kinshasa banigana bashaka kwinjira gutwara. Bakikujwe n'abajejwe umutekano bari bakwiragijwe ahatorewe hose.

Umukurambere agira atore.

Uwuri mu bajejwe amatora ariko arimbura indangamuntu z'abagira batore.

Umupfasoni ari mu batoye.

Bamwe mu bagize umurwi ujejwe amatora ya Kongo. Aha, bariko baharura amajwi y'abatoreye ahitwa Mavuno mu gisagara ca Goma.

Umwe mu bagize CENI ya Kongo, yifashisha isitimu mu guharura amajwi y'i Goma.

Abagize CENI baharura amajwi yashizwe ku kibaho.

Abajejwe umutekano bahagarikiye uwuriko aharurara amajwi ya bamwe mu batoreye i Kinshasa.

Abo bwiriyeko bataratora i Goma. Aha, bifashisha amatoroshi baraba amazina yabo. 

Hamwe mu habareye amatora nta muyagankuba wari uhari. Abari mu murwi utegura amatora, na'abatoye bifashisha amatoroshi.

Abagize CENI ya Kongo, baharura amajwi bifashishije amatoroshi.

Umwe mu bari mu murwi utegura amatora, agatiro kacakiye. 

Uwutora ariko arondera izina ryiwe ryiwe imbere yo gutora.

Isandugu yabistwemwo amatora.