Amafoto y'Ivyaranze Itembagazwa ry'Ubutegetsi bwa Alpha Conde n'Amwe mu Mateka ya Gineya

Alpha Condé yahoze ari prezida wa Gineya yicaye mu ntebe inyuma yo guhagarikwa n'abasirikare bamuvanye ku butegetsi igenekerezo rya 5 ukwezi kwa cenda mu 2021. 

Uwahoze ari Prezida wa Gineya, Alpha Konde, ku munsi wa Mungu aho yavanwa ku butegetsi 

Colonel Mamady Doumbouya yari arongoye abahiritse ubutegetsi bwa Prezida Alpha Conde. Kuri ino foto, aha yariko ashikiriza ijambo, inyuma y'ihagarikwa rya Alpha Conde 

Abanyagihugu bakeza abasirikare inyuma y'itembagazwa ry'ubutegetsi bwa Alpha Conde. Aha, ni muri Karitiye yitwa Kaloum yegeranye n'umurwa mukuru Konacry. 

Abasirikare bariko bakizura muri karitiye yitwa  Kaloum yegeranye n'umurwa mukuru wa Gineya, Konacry. Ni ifoto yafashwe mu gatondo ko kuri uno wa Mbere. 

Alpha Conde mu 2020. Aha yari yitabiriye inama igira 33 y'abakuru b'ibihugu b'umuryango w'ubumwe bwa Afurika i Addis Abeba  ku murwa mukuru wa Etiyopiya 

 

Abasirikare ba Gineya ku murwa mukuru, Konakry, amasaha make humvikanye amasasu yabanjirije ugufatwa kwa Prezida Alpha Conde imbere y'uko avanwa ku butegetsi.

Abasirikare ba Gineya bariko barakizura ku wa Mungu 

Rimwe mu mabarabara y'umurwa mukuru wa Gineya, Konakry, inyuma y'itembagazwa ry'ubutegetsi bwa Alpha Conde 

Rimwe mw'ibarabara ryo ku murwa mukuru wa Gineya, Konacry, igihe abasirikare bari mu bikorwa vyo guhirika ubutetetsi bwa Alpha Conde 

Umuduga wo mu bwoko bwa Blinde, wari mu yiriwe irakizura ku murwa mukuru wa Gineya, Konacry, umusi ubutegetsi wa Alpha Conde buhirikwa

Abanyagihugu bo muri Gineya bigina ihirikwa ry'ubutegetsi bwa Alpha Conde 

Prezida Alpha Conde mu matora yo mu kwezi k'umunani ko mu  2020. Aha, yariko yitoreza manda ya gatatu abatari bake biyamirije bavuga ko atari yemerewe kwitoreza 

Imicungararo ya Stade nkuru yegukira Reta ya Gineya. Ino foto yafashwe igenekerezo rya 28 ukwezi kw'icenda mu 2009, umusi abasirikare ba Gineya bica abagera ku 150 mu bari baje kuhakorera imyiyerekano. Ico gihe, abagera ku 109 bivugwa ko bafashwe ku nguvu. Abiyerekana ico gihe basaba ko uwitwa Moussa Camara batazira Dadis yari yatembagaje ubutegetsi atanga imihoho. 
 

Polisi ya Gineya ihanganye n'abashigikiye Cellou Dallein Diallo atavuga rumwe na Reta ya Gineya. Iyi foto yafashwe mu kw'icumi ko mu 2020 mu myiyerekano y'abashigikiye Diallo. Hari inyuma yaho uwo munyepolitike yanse kwemera ko yatsinzwe mu matora yari ahanganyemwo na Prezida Alpha Conde

Cellou Dalein Diallo (i Buryo),  atavuga rumwe na Reta ya Alpha Conde. Aha, yari muri Senegali mu kiganiro n'abamenyeshamakuru igenekerezo rya 24 ukwezi kw'icenda ko mu 2020. Muri ico kiganiro, Diallo yasavye ibihugu bihana imbibe na Gineya guharira ivomo ico gihugu bivuye ku ngingo ya Prezida Alpha Conde yo kwitoreza manda ya gatatu.

 

Ahmed Sekou Toure yatwaye Gineya mu myaka ya za 80

Alpha Conde mu gihugu c'Ubufaransa mu 2019