Amafoto y'Ivyamamare mu Mupira w'Amaguru Bamaze Kwandura COVID-19

Cristiano Ronaldo akinira ikipe ya Juventus akaba n'umwe mu bakinyi b'ivyamamare kw'isi, yatangaje ko yanduye ikiza ca Virusi ya Corona itariki 13 z'ukwezi kwa cumi. Uwo mukinyi w'imyaka 35 n'ubwo bamutoyeko ubwandu, nta bimentetso yagendana kandi yaradeya!
 

Zlatan Ibrahimovic akinira AC Milan yanduye COVID-19 mu kwezi kw'icenda. Atangaza ivy'ubwandu bwiye yagize ati:  "COVID yarubahutse kumpangara! Yagize iciyumviro kibi, tuzohangana." Ibrahimovic yarakize, mbere bitegekanijwe ko akina kw'igenekerezorya 17 uku kwezi kw'icumi.

 

Umukinyi Kylian Mbappé akinira Paris Saint-Germain nawe yanduye COVID-19 mu ntango z'ukwezi kw'icenda uyu mwaka. Mbappé ntiyatevye gukira kuko inyuma yaho, yanakinye akinjiza ibitero mu rukino rwahuje PSG na Nice
 

Umunya Bresil Neymar akinira Paris Saint-Germain yanduye umugera wa Corona mu ntango z'ukwezi kw'icenda, hagati na hagati y'uko kwezi asubira mu kibuga kwimenyereza yakize.
 

Paulo Dybala wo muri Juventus we yanduye COVID-19 igikaze mu Butariyano. Mu kwa gatatu ariko yari yamaze gukira, asubira mu myimenyerezo ukuri kwamye.

 

Callum Hudson-Odoi akinira Chelsea ni we mukinyi wa mbere wo mu mahiganwa ya  Premier League yanduye Corona mu kwezi kwa gatatu.

Paul Pogba akinira Manchester United yahagaritswe mu mahiganwa ya  UEFA mu mpera z'ukwezi kw'umunani bimaze kumenyekana ko yanduye. Yagiye gusubira gukina mu kw'icenda amaze gukira.

 

Mikel Arteta arongoye ekipe ya  Arsenal we ivy'ubwandu bwiwe vyamenyekanye kw'igenekerezo rya 12 ukwezi kwa gatatu.

 

Umunyesenegale Sadio Mane akinira Liverpool yanduye mu ntango z'ukwezi kwa cumi, ubu aza yarasubiye gukina.
 

Urutonde rw'abakinyi b'umupira w'amaguru bamaze kwandura ikiza ca Virusi ya Corona.