Amafoto y'Ishingurwa rya Nyakwigendera Barbara Bush

Uwahoze ari perezida wa Amerika, George H.W. Bush, mu mihango yo guherekeza umutambukanyi wiwe Barbara. Uwuriko aramusunika, ni umuhungu wiwe  George W. Bush, yigeze kuba Perezida wa Amerika.

Uwahoze ari perezida wa Amerika Bill Clinton n'umupfasoni wiwe Hilary Clinton. 
 

Umutambukanyi wa Perezida wa Amerika Donald Trump , Melania Trump.

Uwahoze ari perezida wa Amerika Barack Obama, umutambukanyi wiwe Michelle na madamu wa Trump, Melania. 

Uwahoze ari perezida wa Amerika George H.W. Bush, ariko aramutsa uwahoze ari visi perezida wa Amerika  Joe Biden. Iruhande yabo hari umukazana wa Barbara, Laura Bush n'umushingantahe wiwe 

Abuzukuru ba nyakwigendera Barbara  kumwe n'abari bateruye isandugu yashinguwemwo

Uwahoze atwara Reta ya Florida, Jeb Bush, ariko ashingira intahe umuvyeyi wiwe Barbara mu misa yo kumuherekeza. 

Ifoto rusangi y'abaherekeje  nyakwigendera Barbara 

 George W. Bush na se wiwe  George H.W. 

Abantu Baharurwa mu 1500 Baraherekeje kuri uno wa Gatandatu Barbara Bush, umufasha wa Perezida wa 41 wa USA, George H.W.Bush, akaba na nyina wa Perezida wa 43, George W.Bush.