Imihangayiko y'Ikibazo c'Ingurane Zitangwa na Banki muri EAC

Jimmy Hatungimana, umukuru w’igisagara ca Bujumbura yatowe ngo azotware ibisagara vy'ibihugu bikoresha igifaransa mu karere k'ibiyaga bigari

Kuri uyu wa kane i Gitega ku murwa mukuru wa politike w'Uburundi hasozerewe Inama yari imaze iminsi itatu ihuza urwaruka n’abatwara ibisagara baturuka mu bihugu bivuga ururimi rw’Igifaransa mu karere ka Afrika y'ibiyaga binini.

Abaserukira ibisagara hafi 20 vyo mu Burundi, mu Rwanda, muri Tanzaniya, muri Republika ya Demokarasi ya Kongo na Zambiya bifuza ko iterambere rihera mu rwaruka kugira barwanye ubushomeri, birinde ibiyayuramutwe, ibikorwa vy’ubugizi bwa nabi n’izindi ngorane zihitana urwaruka.

Urwo rwaruka nk’urwo mu Burundi, mu Rwanda na Kongo ruhuriza hamwe mu kwemeza ko rugifise ikibazo co kubura amabanki abizera kugira baronse imitahe yo kwiteza imbere.

Umukuru w’igisagara ca Bujumbura ni we yaciye atorwa ngo arongore ishirahamwe rihuza abatwara ivyo bisagara mu kiringo c’imyaka 2.

Umviriza ngaha inkuru yose dushikirizwa na Pierre Claver Niyonkuru.

Your browser doesn’t support HTML5

Abaserukira Urwaruka mu Karere k'Ibiyaga Binini Bafashe Ingingo yo Kurwanya Ubukene