Burundi: Abakandida Batatu Bavuze ko Bavuye mu Matora ya Perezida

Imisi ibiri imbere y’uko amatora y’umukuru w’igihugu aba mu Burundi, abanyapoltike batatu barimwo ba perezida Sylvestre Ntibantunganya na Domitien Ndayizeye bahoze barongoye Uburundi hamwe na Docteur Jean Minani arongoye umugambwe Frodebu Nyakuri Iragi rya Ndadaye, baratangaje ko bahevye umugambi wo guhitanwa mu matora y’umukuru w’igihugu.

Docteur Jean Minani yabwiye Ijwi rya Amerika, kw’iyo ngingo yafashwe inyuma y’aho baboneye ko Perezida Pierre Nkurunziza, yiyemeje kubandanya arenga amategeko:

Your browser doesn’t support HTML5

DOCTEUR JEAN MINAMI 04'37"

Iyo ngingo ifashwe kandi mu gihe ibiganiro bihuza abarundi vyabaye birahagarara. Umushikiranganji w’Uburundi ajejwe intwaro yo hagati yabwiye Ijwi rya amerika ko reta y’Uburundi yasanze iriko iganira n’abanyapolitike bafise umugambi wo kubandanya gutegura gutembagaza inzego zitorewe n’abanyagihugu.

Aho ngo n’inyuma y’aho imigambwe itavuga rumwe na reta, isohoreye Urwandiko ruvuga imigambo y’iyo migambwe, itegekanya kuzotunganya inama I Addis Abeba mu gihugu ca Ethiopia’

Your browser doesn’t support HTML5

Minisitiri Edouard Nduwimana 05'31"