Imodoka Itwara Abantu Yaratezwe ku Ibarabara rya Rumonge-Bururi - 2003-10-03

Imodoka itwara abantu y'ubwoko bwa mini-bus yaratezwe umutego ku musi wa gatanu, kw'ibarabara riva mu Rumonge rija mu ntara ya Bururi. Iryo sanganya ryashitse igihe c'isaha imwe n'iminota mirongo itatu yo mu gatondo.

Nta muntu n'umwe yahasize ubuzima, ariko abari muri iyo modoka barasahuwe utwo bari bafise twose. Abategetsi mu vy'intwaro mu Rumonge bemeza y'uko uwari atwaye iyo modoka atigeze yubahiriza ingingo zafashwe zijanye n'umutekano.

Mu bisanzwe, birabujujwe y'uko abantu bafata urugendo rw'umuduga muri ayo mabarabara imbere y'isaha zibiri n'inusu zo mu gatondo, hamwe n'inyuma y'isaha cumi n'imwe zo ku muhingamo.

Uwundi utego waheruka kuba kuri iryo barabara nyene kw'igenekerezo rya 27 mu kwezi guheze.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.


Saba amakuru muri email yawe hano.