Umusi Wahariwe Amazi Meza mu Makungu.

Mu gihe amakungu yaraye ahimbaje umusi wahariwe amazi meza, Joseph Nduwimana, umuyobozi mwishikira mu bushikiranganji bujejwe ivyerekeye amazi n'ibidukikije, aremeza ko ibice mirongo ine na bitanu vy'Abarundi bataronka amazi meza.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, Nduwimana yavuze ko reta y'Uburundi iriko ikorana n'abasanzwe bayifasha, kugira ngo mu mwaka w'i 2015, ibice mirongo umunani kw'ijana vy'abarundi bazobe baronse amazi meza. Ubudagi, bubicishije mw'ishirahamwe GTZ, buriko burafasha mur'uwo mugambi wo guha amazi meza abanyagihugu.

Mu mwaka w'i 2015, reta y’Uburundi itegekanya ko abanyagihugu bazoba bashobora kuronka amazi batagize urugendo rurenga imetero amajana atanu. Amazi meza arakenye cane mu makaritiye atandukanye y’igisagara ca Bujumbura. Mu Gatumba, abajejwe ubuvuzi muri ako karere bavuga ko abanyagihugu banywa amazi y’uruzi Rusizi, akabatera ingwara zitari nke.

Amazi arakenye kandi mu bitaro vyinshi vyo mu gihugu hagati, no mu mashuri atari make. Amabombo yubakiwe abanyagihugu menshi yarasambuwe n’intambara. Umugambi wo gukwiragiza amazi meza mu banyagihugu ushira imbere kurihisha amafaranga makenya, kugira ngo bigishwe kwibungabungira inyubakwa z'amazi.