FNL Umugambwe Wemewe mu Burundi

Umuhari FNL wemerewe kuba umugambwe. Ku musi wa kabiri, igenekerezo rya 21, ukwezi kwa kane, umwaka wi 2009, Ubushikiranganji bujejwe intwaro yo hagati mu gihugu bwaremeje ko umuhari FNL wa Agathon Rwasa wahawe uruhusha rwo gukora ku mugaragaro nk'umugambwe.

Ingingo yasomwe n'umuyobozi mwishikira mu bushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu ni intambwe ikomeye mw'ishirwa mu ngiro ry'amasezerano yemejwe hagati ya reta n'umuhari FNL. Imbere yo guhabwa uruhusha rwo gukora ka mugambwe, abagwanyi ba FNL bari mu bibanza bine aho bakoranirijwe barasubije ibigwanisho vyose bari bafise.

Mu mpera z'indwi irangiye umukuru wa FNL Rwasa Agathon niwe yatanguye gusubizwa mu buzima busanzwe, aheba ipete yiwe ya riyetena jenerari yarafise mu muhari.Agathon Rwasa yarongeye yemera ko ahevye kurwana. Imbere y'abamenyeshamakuru n'abagwanyi biwe Agathon Rwasa yatangaje ko agiye kugira poritike, aca asubiza ibigwanisho yahora akoresha. Abakora mu biro vy'ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi nibo bakiriye ivyo bigwanisho vyarimwo n'ibikoho bikomakomeye.

Igikorwa co kwaka ibigwanisho abagwanyi b’umuhari FNL gitegura iyinjizwa ry'abagwanyi ibihumbi bibiri n'ijana mu rwego rw'igiporisi n'igihumbi n'ijana mu gwego gw’igisirikare c'Uburundi. Abagwanyi ibihumbi bitanu bemerewe gutekererwa agahembo kajanye n'amapete yabo imbere yo gusubizwa mu buzima busanzwe. Bazobanza kandi kuronka inyigisho zibategura gusubira kubana n'abandi banyagihugu.

Umuhari FNL ukija mu mugambi wo gushira mu ngiro amasezerano watangaza ko ufise abagwanyi ibihumbi mirongo ibiri n'umwe, ariko ibiganiro vyahagaze ku gitigiri c’abagwanyi ibihumbi bitatu n'amajana atanu bazokwakigwa mu nzego z'umutekano n'abagwanyi ibihumbi bitanu bemerewe gushigikirwa mu migambi yo gusubira mu buzima busanzwe. Abandi barenga ibihumbi cumi bagiye kuzotekererwa amafaranga ibihumbi ijana umwe umwe imbere yo kurungikwa iwabo.

Abagwanyi b’umuhari FNL basanze batari ku rotonde rw'abemerewe kuja mu nzego z'umutekano babwiye Ijwi rya Amerika ko bashavuye cane, kandi ko banebagura uburyo izo ngingo zafashwe.

Ku musi wa gatandatu w'indwi iheze Rwasa Agathon yasiguriye abagwanyi biwe ko ibanki y'isi yose n'abasanzwe bafasha Uburundi mu mugambi wo gusubiza abagwanyi mu buzima busanzwe batatanze amafaranga akwiye abagwanyi ba FNL. Inzego z'umutekano nazo zikaba zifise ibitigiri zitarekuriwe kurenza.

Ba buramatari b'intara za Bujumbura-Rurale na Bubanza, intara zavuyemwo abagwanyi ba FNL benshi, babwiye Ijwi rya Amerika ko bafise impungenge z'uko abo bagwanyi bamenyereye kubaho bakoresheje ibigwanisho, bashobora kubangamira umutekano, naho FNL, umuhari wa nyuma wahora ugwana, usubije ibigwanisho.

Umuhari FNL ubaye umugambwe wari umaze imyaka irenga mirongo ibiri n'itanu ugwanya za reta zagiye zirakurikirana ku butegetsi mu Burundi. Abagiye barakurakuranwa mu kurongora uwo muhari, basigura ko bashaka guhabuza ubwoko bw'abahutu bahotowe n'intwaro z'abatutsi. Mu kiringo c’imyaka yose intambara yamaze, umuhari FNL wamye wiyitirira ubwoko"Palipehutu FNL”, ariko kugira ngo bemererwe kuba umugambwe, bategetswe guhindura izina, kubera ko ibwirizwa nshingiro ry'Uburundi ritemera ko umugambwe wiyitirira ubwoko. Umugambwe FNL ubaye umugambwe wa mirongo ine n'ibiri mu Burundi. Ugiye guhigana n'iyindi migambwe mu matora ategekanywa mu mwaka uza w’i 2010.