Amashirahamwe y'Abagiraneza mu Burundi Yarahagaritse Akazi

Amashirahamwe mirongo ine n'atatu yahora afasha abatishoboye yongera agwanya inzara mu Burundi yarahagaritse akazi mu kiringo c'imisi ibiri. Iyo myiyerekano ngo niyo kwerekana agashavu ayo mashirahamwe afise, inyuma y'aho Agnes Bury yakora mw’ishirahamwe Action Contre la Faim agandaguriwe mu Ruyigi mu buseruko bw'Uburundi.

Itanganzo ryasohowe n'ayo mashirahamwe rivuga ko iryo gandagugwa ryerekana ko n’abagiraneza bageramiwe mu vyerekeye umutekano. Ayo mashirahamwe asaba ko reta yokwihutira kwerekana abakoze ubwo bwicanyi kandi bagahanwa. Umutekano w'abagiraneza nawo ngo ukwiye gukomezwa.

Reta y'Uburundi imaze gutangaza ko hariho abantu batanu bakekwa bariko barabazwa ivyerekeye urwo rupfu rw'umufaransakazi Agnes Bury. Inkuru za mbere zitangwa n'abari mu Ruyigi bakurikiranye iyo dosiye zivuga ko Agnes Bury ngo yoba yishwe n'abantu yakuye mu kazi, ariko amatohoza y'igiporisi aracabandanya.