Umugwi w'Igihugu Ujejwe Ibibazo vy'Amatongo Ufise Imanza Igihumbi mu Mezi Icenda Umaze Utanguye

Umugwi w'igihugu washinzwe gotorera umuti ingorane z'amatongo mu Burundi n'ayandi matungo zatewe n'intambara umenyesha ko mu mu mezi icenda aheze batanguye akazi bamaze kuronka imanza igihumbi.

Aster KANA arongoye uwo mugwi, avuga ko imanza amajana atatu zonyene arizo zimaze gutunganywa. Abandanya asigura kw’ico gikorwa kitoroshe kandi gisaba ubwitonzi n'ubukerebutsi budasanzwe.

Uwo mugwi ugerageza gutatura amatati yerekeye amatongo n'ibibazo vy’ayandi matungo vyatewe n’intambara. Kuva intambara zaduka mu 1965, 1972 no mu 1993 abantu barataye Amatongo yabo n'ivyabo, abasigaye baca baravyigarurira. Mur’iki gihe abahunze bariko baratahuka, bica bitera ingorane nyinshi.

Ingorane nyinshi ariko zerekeye amatongo n'amatungo yandi yatwawe mu 1972, kubera ko reta y'ico gihe yaciye igurisha ivy’abo bahunze yita abamenja. Ubu abatahuka basaba kuronswa ivyabo. Umugwi ujejwe izo ngorane ukoresha umwumvikano, ariko iyo binaniranye bahanura kwitura ubutungane. Izo ngorane zigwiriye cane mu ntara zegereye imbibe, cane cane mu turere tw'imbo, nko mu za Rumonge na Nyanza-Lac.

Umugwi ujejwe gutatura imanza z'amatongo n'ayandi matungo zaturutse ku ntambara utegekanijwe mu masezerano y'i Arusha. Umaze amezi icenda utanguye, ukaba ugizwe n’abantu bo m’ubwoko bwose, harimwo n'abatwa basanzwe bakenye cane amatongo kubera ko bagiye barakumirwa bimwe biboneka.