Mu Burundi, ba Buramatari Indwi Barabogojwe

Mu Burundi, Ba Buramatari Indwi Barakuwe mu Mabanga Yabo Kw’igenekerezo rya cumi Ruheshi, abakenguzamateka baremeje, bibanje kugorana, ikurwa rya ba Buramatari indwi, nk'uko vyari vyasabwe n'umukuru w'igihugu Petero Nkurunziza.

Mu ntara zaronse abazirongora bashasha harimwo Bururi, Makamba, Cankuzo, Kirundo, Muramvya, Cibitoke na Bujumbura-Mairie. Mu nama nkenguzamateka, nti vyoroshe kwemeza ivyasabwe n'umukuru w'igihugu, kubera ko abakenguzamateka bo m’umugambwe FRODEBU n'abashigikiye Hussein Radjabu banse kwifatanya n’abandi mur'ivyo bikorwa.

Ba Buramatari bakuwe mu mabanga yabo nta makosa agaragara bagirizwa, ariko ivyibonekeza n’uko abakuwe bafise amashure make. Perezida Petero Nkurunziza yaragenye kandi n’umushikirizamanza mukuru wa republika, abafasha biwe babiri, n'umukuru mushasha wa Sentare Ntahinyuzwa.