Ku mupaka wa Mabanda intara ya Makamba yo mu Burundi ihana n’intara ya Kigoma yo muri Tanzaniya, nta ngingo zo kwikingira indwara ya Marbourg ziriko zirubahirizwa.
Ababa kuri uyo mupaka bemeza ko iyo ndwara ibateye ubwoba ariko ko bataramenya ukugene ifata n’uburyo bwo kuyikingira. Abaganga nabo bakorera kuri uyo mupaka bamenyesha ko uburyo bafise bwo gupima budakwiye.
N’ubwo kw’igenekerezo rya 23 z’ukwezi guheze umushikiranganji w’amagara y’abantu mu Burundi yari yategetse ko abanyagihugu bitwararika kugira isuku mu kwama bakaraba n’amazi meza n’isabuni kenshi gashoboka, nta tudobo tw’amazi n’amasabuni twashizwe imbere y’amazu badandarizamwo.
Abashitse ku mupaka bavuye i Tanzaniya, baramukanya ukuri kwamye n’abo basanze mu Burundi. Mu biro vy’abajejwe uruja n’uruza naho nk’uko Ijwi ry'Amerika ryavyiboneye biciye ku bakunzi baryo, nta miti yica imigera bisiga iharangwa. N’isuku mu tuzu twa sugumwe tuhari ntirishemeye
Ijwi ry'Amerika ryarabajije ababa aho ku mupaka wa Mugina ko ata wurababwira ivy’ico kiza, benshi muri bo baca bavuga ko ata makuru bagifiseko. Uko kutamenya ivy’iyo ndwara ya Marbourg ni vyo ku bwabo bituma batikingira.
Abavuganye n'Ijwi ry'Amerika basaba ko bomenyeshwa ibijanye n’iyo ndwara.
Muganga Ndayishimiye David arongoye akarere k’ubuvuzi ka Nyanza Lac, amenyesha ko ku mipaka ya Mugina, Kabonga na Busoro bapima ubushuhe abahinjiriye bavuye i Tanzaniya kugira bashobore kubona aboba bafise ibimenyetso vy’iyo ndwara n’izindi nk’akaranda k’inkende.
Ntahakana ko hari abaca mu nzira z’ibinywabi ntibashobore kubapima arico gituma asaba abajejwe intwaro gufasha kugira abo banu ntibazokwegere abarundi mu kwinjiza ivyo biza. Muganga Ndayihimbaze David aremera ariko ko bagifise intambamyi.
Asaba abaganga ko bokwikingira kugira bashobore gukingira abandi. Abajejwe amagara y’abantu barakwiye kandi kwigisha ibimenyetso vy’iyo ndwara abaje kubitura bose n’imiburiburi rimwe mu ndwi nkuko abivuga.
Abajejwe intwaro abahanura kwama bibuka guhimiriza abanyagihugu igihe cose babagirishije inama. Abajejwe imipaka basabwa gufashanya n’abaganga kugira ntihagire uwurengana adapimwe. Ubushikiranganji nabwo buswaba gutunganya neza aho abinjiriye bapimirwa kandi bugatanga ibikoresho bikwiye aho hose abinjira mu Burundi baca bavuye mu bihugu vyo hanze.
Your browser doesn’t support HTML5
Abanyagihugu b'i Makamba mu Burundi Bahangayikishijwe na Marbourg