Rubio: Politike y'Imigenderanire y'Amerika Izoshimikira ku Nyungu Zayo

Marco Rubio, umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Marco Rubio.

Marco Rubio, umushikiranganji mushasha ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, kuri uyu wa gatatu, yatangaje ko politike yo hanze ya Amerika izoshimikira ku nyungu nkoramutima z'igihugu.

Marco Rubio abaye uwa mbere mu bo Donald Trump yagenye kuja muri reta yiwe yemejwe n’inama nkenguzamateka ya Amerika. Yatangaje ko amafaranga yose Amerika izokoresha n’utwigoro twayo twose ku bibazo vyo mu makungu bizotegerezwa kwishura ibibazo bitatu vyoroshe bisabwa: Vyoba bituma Amerika irangwa n’umutekano kurushiriza? Vyoba bituma ikomera kurushiriza? Vyozana iterambere kurushiriza?

Marco Rubio, yavuze ko mu gushira imbere inyungu za Amerika, azotunganya ubushikiranganji bujejwe imigenderanire burangwa n’ivyiyumviro bishasha, vyumvikana kandi birashe.

Yatangaje ko bizosaba guhindura imigambi imwe imwe yahora ishimikirwako, kudashimikira cane ku bibazo bimwe bimwe no kuvavanura na bimwe mu vyahora bikwirikizwa.

Rubio, afise imyaka 53 muri iki gihe, yarashigikiye ingingo za mbere zafashwe na Prezida Donald Trump zo kubuza kwinjira ku butaka bwa Amerika abimukira isinzi batagira impapuro zibaha ubwo burenganzira. Yatangaje ko Amerika itazosubira gukora ibikorwa ivyo ari vyo vyose vyorohereza canke bituma abantu isinzi barondera kwinjira muri Amerika. (VOANEWS)