Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire y'Uburundi n'ayandi makungu, butangaza ko butabona aho bwohera mu gutabara Abarundi barenga 70 bamaze amezi agera kuri atandatu bapfungiwe ku kibuga c'indege ca Manila Ninoy Aquino co mu gihugu ca Filipine.
Mu Kiganiro Madame Ines Sonia Niyubahwe, avugira ubwo bushikiranganji, yagiranye n'Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Diane Nininahazwe, yasiguye ko abo Barundi banse ko ama nimero ya terefone yabo amenyekana muri ubwo bushikiranganji, kandi na reta ya Filipine ataco iratangariza ubwo bushikiranganji. Fyonda hasi wumve ibindi mu kiganiro ca Niyubahwe na Nininahazwe.
Your browser doesn’t support HTML5
Uburundi Busaba Abarundi Bapfunigiwe ku Kibuga c'Indege muri Filipine Gutomora uwo Basaba Ubutabazi.
Abavuganye n'Ijwi ry'Amerika muri abo Barundi barenga 70, bavuze ko babuze ayo bacira n'ayo bamira. Batabaza basaba ko bajyanwa mu kindi gihugu cy’abakira nk’impunzi, dore ko icyo gihe kigera ku mezi atandatu cyose bakimaze baba mu kibuga.
Abo Barundi bavuganye n’Ijwi ry’Amerika bemeza ko bageze muri Filipine buri wese ku giti cye nyuma yo kumenya ko kwinjira muri icyo gihugu ku Barundi bidasaba visa. Gusa ngo baje kwisanga batemerewe kwinjira mu gihugu nabo bahitamo kutemera gusubizwa mu Burundi, cyane ko benshi bavuga ko bari bahageze baturutse mu bindi bihugu.
Uwaduhaye aya makuru, twirinze kuvuga amazina kubera umutekano we, yatubwiye ko muri bo, abagera kuri 50 bamaze kubazwa no gutanga amakuru muri HCR, ariko nta n'umwe urahabwa ubuhungiro. Uyu yakomeje atubwira ko abimwe ubuhungiro batangiye gusubizwa mu bihugu byabo. Mu bamaze gucyurwa ku ngufu harimo Abarundi 15, nk’uko iyi soko ibitubwira. Ikindi yabwiye Ijwi ry’Amerika ni uko bahozwa ku nkeke n’abakozi bo ku kibuga cy'indege bakomeza babwira ko bakwiye guhitamo gutaha kuko Filipini itazigera ibaha ubuhungiro.
Mu butumwa iyi soko yahaye Ijwi ry’Amerika yagize ati “Ikindi naco tumaze amezi arenga atandatu nta zuba tubona, ntiturigera dusohoka hanze, ndetse nufite amahera ntiyemererwa kugura ikintu na kimwe. Amagara ya bamwe bamwe akaba atanguye kubangamigwa - bamwe barafashwe na hypertension, abandi diabète, igifu, ibibazo vy'amaso kubera kwama ku matara ata zuba tubona.”
Iyi soko yacu yakomeje itubwira kandi ko nta bufasha babona ku bijanye n'ibyankenerwa. Yagize ati “Indya turya ni intica ntikize, amazi barashobora kumara imisi nk'itatu batayaduhaye.Mudufashe gutabaza kuko igihugu ca Philippines turabona ko catwanse mudutabarize nimba hari ikindi gihugu cotwakira tukava muri Kano gasho.”
Yatugaragarije ko abamaze kwimwa ubuhungiro bo babima ibiribwa burundu kandi ntibimerewe no kugura ibiribwa. Usibye ibibazo bijyanye n’imirire, iyi soko yacu aho ku kibuga cya Manila Ninoy Aquino, yatubwiye ko gihe cyose bamaze kuri icyo kibuga baryama hasi.
Abari kuri icyo kibuga bafite kandi impungenge ku mibireho y’abana babo batagira aho bakinira cyangwa ngo bige. Abana bari munsi yimyaka itanu bari mu bafungiye kuri icyo kibuga ni icyenda. Usibye Abarundi bafingiwe kuri icyo kibuga harimo n’umunyekongo umwe, Abanyagana, Abanyamisiri n’abandi.
Gusa, Radiyo Ijwi ry'Amerika ntiyabashije kubona abakozi ba HCR cyangwa ubuyobozi bw'icyo kibuga cy'indege cyo muri Filipine ngo bagire icyo bavuga ku bireba imibereho y'abo bantu bahagotewe.
Fyonda hasi wumve ibindi kuri ino nkuru y'Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Eddie Rwema.
Your browser doesn’t support HTML5
Abarundi Barenga 70 Bamaze Amezi Agera kuri 6 Bapfungiwe mu Kibuga c'Indege muri Filipine Baratabaza