Abatebagaje Ubutegetsi bwa Siriya Basaba Amerika Kuvana Ico Gihugu mu Bihano

Kuri ino foto, umushikiranganji w ambere wa Siriya Asaad Al-Shaibani yari kumwe n'umutegetsi wa Katari

Abashikiranganji batandukanye bariko bategeka Siriya vy’imfatakibanza basaba reta zunze ubumwe z’Amerika guhanagura ibihano yafatiye igihugu cabo. Babivugiye mu rugendo rwabo rwa mbere bakoreye muri Katari kuva batembagaza ubutegetsi bwa Bashar al-Assad.

Umushikiranganji ajejwe ivy’imigenderanire ya Siriya n’ayandi makungu yasiguye ko ibihano vya Amerika ari intambamyi yo kongera kwiyubaka vyihuse kw'ico gihugu.

Itangazo ryasohowe n’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire ya Katari, rivuga ko umushikiranganji wa mbere wa Katari yakoranye umubonano n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Siriya, uwujejwe ivyo nkwivuna abansi, n’uwujejwe igisata c’iperereza.

Iryo tangazo rivuga ko Katari ishigikiye intambwe zose zishikana Siriya ku bwiyunge, ubwigenge n’amahoro vyuzuye. Mu mpera z’ukwezi kwa cumi na kabiri ko mu mwaka uheze, Katari nayo nyene yari yarasavye ko Amerika ivana Siriya mu bihano. Ibihugu vyo mu burengero bitari bike, bivuga ko birindiriye kuraba ingene indongozi z’imfata kibanza za Siriya zitwara imbere yo kuvana ico gihugu mu bihano

Co kimwe n’ibindi bihugu vyinshi, Katari nayo nyene yari yarahagaritse imigenderanire yari ifitaniye na Siriya ku ntwaro ya Bashar al-Assad, yavanywe ku butegetsi mu mpera z’umwaka wa 2024. Ubutegetsi bwa Bashar al-Assad bumaze gutembagazwa, Katari cabaye iguhugu ca kabiri cuguruye amabasade yaco muri Siriya inyuma y’imyaka irenga cumi yari imaze yugaye.