Inteko zijejwe umutekano za Siriya, kuri uyu wa kane, zahize abahoze ari abasirikare ba reta n’abarwanyi bashigikiye Bashar al-Assad, yahoze ari Prezida banse gusubiza ibirwanisho vyabo mu gisagara ca Homs.
Itororokanirizo ry’amakuru rya reta, SANA, ryasubiyemwo, umutegetsi w’umusirikare avuga ko abarwanya ubutegetsi bashizeho ibibanza mu gisagara ca Homs aho abahoze ari abasirikare n’abarwanyi basabwa gushikiriza ibirwanisho vyabo. Igikorwa nk’ico carakozwe mu bindi bice vya Siriya.
Haraheze indwi zitari nke abategetsi bashasha ba Siriya baronse amakuru ko abasigaye mu bahoze ari abarwanyi bari bashigikiye Prezida yakuwe Bashar al-Assad bari mu gisagara ca Homs. Muri ico gihe, ku musi wa gatatu, abantu bari mu myiyerekano barakoraniye mu gisagara ca Douma, aho basavye abategetsi bashasha ba Siriya gutanga inyishu ku bantu bane bakomeye ba ssiyete sivile banyurujwe harehze ikiringo kirenga imyaka 10. Irengero ryabo rikaba ritazwi gushika ubu. (VOANEWS)