Freeman Mbowe, umwe mu banyapolitike bakomeye bo mu mugambwe , Chadema, utavuga rumwe na reta ya Tanzaniya, yahagaritswe n'igipolisi, kuri uyu wa gatanu.
Umugambw Chadema, watangaje iyo nkuru, mu butumwa ku rubuga X, imisi mikeyi imbere y’amatora yo mu nzego zo hasi ategekanijwe kuba.
John Mrema, umuyobozi ajejwe gutangaza amakuru n’imigendernire muri uwo mugambwe, yatangaje ko Mbowe n’abandi bayobozi b’umugambwe bahagaritswe n’igipolisi kuri bariyeri.
Yatangaje ko igipolisi cuguruye ku nguvu imiryango y’imodoka barimwo, kirabakubagura congera kirabahagarika ku nguvu. Mrema yavuze ko igipolisi cabatwaye kidatangaje iyo kibajanye. Yatangaje ko batazi iyo bapfungiwe n’impamvu zatumye bahagarikwa. Akaba yasavye ko barekurwa.
Amatora yo mu nzego zo hasi muri Tanzaniya ategejanijwe kuba yitezwe kuba igipimo c’ukugene iveyerekeye politike vyifashe mu gihugu imbere y’amatora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe kuba mu mwaka utaha w’i 2025.
Umugambwe Chadema, watangaje muri iyi ndwi ko benshi mu bawuserukira bakuwe mu buryo budasiguritse ku rutonde rw’abazokwiyamamariza amatora yo mu nzego zo hasi kw’italiki 27 y’uku kwezi kw’icumi na rimwe.