Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Antony Blinken, kuri uyu wa gatanu, yabonanye n'umushikiranganji wa mbere wa Libani, mu rugendo yarimwo mu karere ko mu buseruko bwo hagati bw'isi. Baganiriye ku bitero Israyeri iriko ikora ku gihugu ciwe.
Antony Blinken, avuye mu rugendo mu karere ko mu buseruko bwo hagati bw’isi, yabonanye n’umushikiranganji wa mbere wa Libani, Najib Mikati i Londres mu Bwongereza. Mikati yari i Londres avuye mu nama ku gihugu ciwe yabereye i Paris mu Bufransa umusi w’imbere yaho. Abo bategetsi bompi bahuye mu gihe Reta ya Amerika iriko iremera Reta ya Libani kugira yikureko umurwi Hezbollah.
Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika, Antony Blinken, yasavye ko amatati ari hagati ya Israyeri na Libani atorerwa inyishu biciye mu biganiro. Yavuze ko Israyeri itegerezwa gufata ingingo zikenewe gukira yirinde kwica abasivile, kandi ntigeramire inteko za ONU zijejwe gucungera umutekano canke inteko za Libani, mu bitero Israyeri iriko ikora ku murwi Hezbollah muri Libani.
Reta Zunze Ubumwe za Amerika zasavye Reta ya Libani gufata ingingo zerekeye umutekano w’igihugu no kwaka ibirwanisho umurwi Hezbollah ushigikiwe n’igihugu ca Irani, ufise igiirikare cawo. Hezbollah yararashe misile muri Israyeri yifatanije n’umurwi Hamas kuva uwo murwi ukoze ibitero ku butaka bwa Israyeri kw’italiki 7 y’ukwezi kw’icumi mu mwaka w’i 2023. (REUTERS)