Mu gihe abahatanira ikibanza c’umukuru w’igihugu muri Reta zunze Ubumwe za Amerika barara bataryamye, ubuhinga bwa none ngurukanabumenyi na bwo nyene ni kimwe mu bikoresho bikomeye vyabo. Hatabaye impari, haba ukwikekana canke ugukwiragiza inkuru zitari zo kuri izo mbuga.
Google, ikompanyi ikomeye mu vyo kumenyekanisha amakuru ku mbuga ngurukanabumenyi yoba igerageza guhengamira ku mukandida Kamala Harris? Ku bw’umuyobozi mukuru w’urubuga ngurukanabumeyi X rwahoze rwitwa Twitter, Elon Musk cokimwe n’abandi bashigikiye kandida Donald Trump, uko guhengama ntikukiri ikinyegezwa. Abo barafise n’ivyemezo berekana.
Ica mbere ni ifoto yakwiragijwe na Elon Musk italike 28 z’uku kwezi kw’7, yerekana ko uwugerageje kurondera izina « Perezida Donald » ku rubuga rwa Google haza izina ryahinduwe rikaba « Donald Duck »
Abo bemeza kandi ko uwurondeye izina « Perezida Joe » aronka « Biden », mu gihe uwurondeye « Perezida Donald », urwo rubuga rwigira nkana rukanyegeza « Trump ». Abandi bagerageje muri ubwo buryo basanze Google ishobora kuterekana igitero giheruka gukorerwa uwo aserukira umugambwe w’Abarepublikani Donald Trump aho yarashwe amasasu ku gutwi.
Umukenguzamateka w’Umurepublikani muri reta ya Texas, Ted Cruz, yatangaje ku rubuga rwa X n’agashavu kenshi ati: “Ni ubusazi. Google yisutse vyeruye mu vy’amatora. Abatwara Google bariko basuka ivyotsi nk’ibikoroza amosozi mu banyamerika, kandi bagerageza kubibagiza igitero cakorewe Trump aho hari abashatse kumugandagura”.
Mu gihe ivyagiriji vyiyongera, iyo sosiyete Google iri muri Reta ya Kaliforniya yoyo yabwiye igitangazamakuru CBS ko ari ingorane z’ubuhinga bw’ivyuma ituma amazina amwe amwe ataboneka neza nk’ayabahoze batwara Amerika n’icegera c’umukuru w’igihugu w’ubu.
Ico bikoze, hari n’abanditse icegera ca Perezida ntibaheraheze neza izina Kamala, n’abo nyene irindi zina “Harris” ntiriboneka.
Google irahakana yivuye inyuma ko atamukozi wayo yabigizemwo uruhara mu buryo bwose.
Yamara, izo nsiguro ntizinyura abasanzwe barwanya iyo sosiyete yashinze imizi mu vyo gutumanatumanako amakuru kw’isi, mu gihe urwo rubuga n’izindi nka Twitter, Facebook, Instagram zisa n’izabaye ibikoresho muri politike ya Amerika.
Elon Musk abona ko bishobora kuba bitumwa n’uko abakozi ba sosiyete Alphabet, yavyaye Google bari mu bafashije cane Biden, agashimangira ko Google isigaye ikora ihengamiye ku ruhande rumwe rwa politike.
N’aho biri uko, uwo Elon Musk nyene, asanzwe ari umwe mu bantu bakomeye bashigikiye Donald Trump mu vyerekeye ubuhinga ngurukanabumenyi, yaheruka kwifatirwa mu gahanga n’abakunzi ba Kamala Harris. Yari yakwiragije amasanamu atyoza uwo mukenyezi ariko arahiganirwa intebe y’umukuru w’igihugu ca Amerika.
Izo mpari ni ukwagirizanya vyerekana ingene amakompanyi n’amasosiyete akomeye y’imbuga ngurukanabumenyi afise uruhara rukomeye mu matora na politike ya Amerika. Akabaye kose kuri izo mbuga zikunzwe cane ntikavugwako rumwe.