Abarundi baba muri Amerika n’abatumire babo baturuka mu bindi bihugu, ku wa gatandatu w'indwi iheze barahimbaje imyaka 62 iheze Uburundi bwikukiye.
Ibirori vyabereye mu micungararo y' I Washington DC, ku muhana wa Ambasaderi Jean Bosco Barege, aserukira Uburundi muri Amerika.
Mu batumire b'iteka bitabiriye ivyo birori, harimwo Jeff Kemple, ajejwe Uburundi mu bushikiranganji bw'imigenderanire ya Amerika na Sarah Pandula, icegera c'umukuru w’ibiro bijejwe Afurika muri ubwo bushikiranganji.

Hagati kuri iyo foto: Ambasaderi Jean Bosco Barege. Uwuri i Buryo bwiwe ni Sarah Pandula, uwuri i Bubamfu bwiwe ni Jeff Kemple.
Mu kiganiro cihariye Ambasaderi Jean Bosco Barege aserukira Uburundi yagiranye n'Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika, Auriane Itangishaka, yishimiye umubano mwiza hagati y’Uburundi na Amerika.
Fyonda hasi wumve ibindi vyavugiwe muri ico kiganiro.
Your browser doesn’t support HTML5
Ikiganiro Cihariye na Ambasaderi Jean Bosco Barege
Ibirori vy'isabukuru igira 62 yo kwikukira k'Uburundi, vyaranzwe kandi n'imvyino z'Uburundi hamwe n'indirimbo zateramishijwe n'Umuririmvyi kama August Burundi, yaje ava muri reta ya New Hampshire. Fyonda hasi kuri iyo videwo urabe bamwe mu bitabiriye ivyo birori bariko batamba imvyino ziremeshejwe n'Umuririmvyi August.
Your browser doesn’t support HTML5
Abarundi Baba muri Amerika Bahimbaje Imyaka 62 Iheze Uburundi Bwikukiye