ONU Igiye Gutohoza ku Binogo Rusangi "Vyahambwemwo Abimukira"

ONU yatangaje ko igiye gutohoza amaraporo avuga ku binogo vyahambwemwo abantu ikivunga, ku mupaka wa Libiya na Tuniziya.

Umutegetsi wa ONU mu biro bijejwe agateka ka muntu, yabivuze kuri uno musi wa kabiri. N’inyuma yaho bari baherutse kwuburwa ibiziga vy’abandi bimukira 65 mu kindi kibanza, mu ntango z’uyu mwaka.

Mw’ijambo yashikirije, Volker Turk, yiyamirije ubwicanyi bukorwa ku bimukira n’impunzi muri Libiya. Ni mu gihe abo bantu baba bafashe ingendo zishobora kubamwo impanuka, baca mu bugararwa bwa Sahara mu bumanuko bushira uburengero bw’uruzi Mediterane.

Itororokaniro ry’amakuru ry’Abongereza Reuters, ryatangaje ko uwo mutegetsi yavuze kandi ko inzego za reta ya Libiya hamwe n’imigwi itari iya reta, yose yakoze ayo mabi ku bimukira, harimwo ukubagurisha mu rudandazwa rwa kiremwa muntu, kubakubagura, kubakoresha ubuzi buruhishije ku nguvu, kubicisha inzara, kubashira mu munyororo mu buryo butemewe n’amategeko hamwe no kubasubiza iyo bavuye.