Umugambwe ANC umaze imyaka 30 ku butegetsi muri Afurika y’Epfo wipfuza gushinga reta y’ubumwe, inyuma y'amatora aheruka kuba muri ico gihugu.
Umugambwe ANC wahorana ibibanza 230 mu nama nshingamateka ya Afrika y’epfo, ubu ntiwashoboye kugera kuri 200.
Umuvugizi w’uwo mugambwe ukiri imbere mu yikomeye naho watakaje ibibanza vyinshi mu nama nshingamateka, avuga ko umugambwe wiwe umaze gutangura ibiganiro n’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi kugira haboneke reta y’ubumwe.
Mahhlengi Bengu-Motsiri, yagize ati: "Kubona umugambwe wacu waronse ibibanza 159 ku bibanza 400 bigize inama nshingamateka ya Afrika y’epfo ntihagire umugambwe n’umwe uronka ubwiganze bw’amajwi, vyerekana ko abanyagihugu bipfuza ko imigambwe yose ikorera hamwe.”
Mahhlengi Bengu-Motsiri avugira ANC yavuze ko imigambwe itavuga rumwe na reta imaze kugira ibiganiro bifise intumbero yo gushinga reta y’ubumwe, ari Alliance démocratique (DA), uza imbere, hamwe na “Les Combattants pour la liberté économique” (EFF)
Indongozi za ANC zivuga ko zagerageje kandi kuvugana n’umugambwe uMkhonto weSizwe (MK) wa Jacob Zuma, yahoze mu bicocoro vya ANC, akaba yarabaye na prezida wa Afurika y’epfo, ariko ko ataco urishura.
Umugambwe uMkhonto weSizwe (MK) waronse ikibanza kigira gatatu mu yaronse amajwi menshi mu matora aheruka kuba muri Afrika y’epfo.
Uwo mugambwe waranse kwemera ivyavuye mu matora, uvuga ko yaranzwemwo amahinyu. Waragabishije ko ushobora no kwanka kuja mu nama nshingamateka, kandi ko utazopfa ugiranye ibiganiro na ANC igihe cose Prezida Cyril Ramaphosa azoba akiri ku burongozi bwawo.
Ibwirizwa nshingiro rya Afurika y’epfo ritegekanya ko inama nshingamateka nshasha ijaho inyuma y’iminsi 14 kuva ivyavuye mu matora bitangajwe.
Inama nshingamateka imaze kujaho, ica itora prezida mushasha. Ivyatohojwe n’abahinga bakwirikiranira hafi amatora muri Afrika y’epfo, vyerekana ko Cyril Ramaphosa ashobora gusubira kugenwa mu mabanga ya prezida