Somaliya izokwirukana ibihumbi n’ibihumbi vy’ingabo za Etiyopiya ziri ku butaka bwayo bitarenze uno mwaka. Aya makuru yatangajwe n’umwe mu bategetsi ba Somaliya, yavuze ko kugira ico gihugu cemere kugumana izo ngabo, Etiyopiya ibwirizwa gufuta amasezereno yagiranye n’intara ya Somaliland.
Umuhanuzi mukuru mu vy’umutekano wa Somaliya, Hussein Sheikh-Ali, yabwiye abamenyeshamakuru ko Etiyopita ibwirizwa kuva muri ayo masezerano bitarenze impera z’uno mwaka.
Yagize ati: “ Etiyopiya ntishobora kuba umufatanyabikorwa ku ruhande rumwe, ku rundi naho ikaba umusotoranyi.” Amasezerano Somaliya isaba Etiyopiya guheba, arimwo ko intara ya Somaliland ikotesha kuri Etiyopiya umuhora uyishikana kw’ibahari mu ntumbero yo kworoherwa mu vy’ubudandaji na gisirikare. Ubukote bw’uwo muhora ureha n’ibirometero bigera kuri 20 bwomara imyaka 50.
Muri ayo masezerano, Etiyopiya yoca isubiririza mu ndumane Somaliland mu kuyemeza nk’igihugu cigenga. Etiyopiya ifata Somaliland nk’intara yayo. Eka n’amakungu ni uko abibona, kuko ata gihugu na kimwe kirayemeza nk’igihugu kuva igihe yiyonkora kuri Somaliya mu 1991.
Abahinga mu vy’umutekano n’abadiplomate bavuze ko ari nka hamwe Somaliya yokwirukana ingabo zose za Etiyopiya nkuko ibikangisha, intagondwa za al Shabaab zoba zibonye inzira yo guhungabanya umutekano w’ico gihugu, kuko “ Ingabo za Somaliya zitoshobora kuzuza inshingano zahora mu minwe y’ingabo za Etiyopiya mu vyo kurinda umutekano.”
Muri Somaliya Etiyopiya ihafise n’imiburiburi ingabo 3000 zarungitswe muri ico gihiugu biciye mw’ishirahamwe ry’umuryango w’Ubumwe bwa Afurika. Izarungistweyo biciye mu masezerano Somaliya yagiranye na Etiyopiya nazo ziharurwa hagati y’ibihumbi 5 n’ibihumbi 7.
Etiyopiya kugera ino saha ntaco irashima kwishura ibimenyeshamakuru bitandukanye vyarondeye inzego zirimwo izivugira reta y’ico gihugu n’izishinzwe umutekano. (REUTERS)