Burundi: Umugambwe CNL Urahakana ko Ubutegetsi ata Ruhara Bwagize mw'Ikurwa rya Rwasa

Your browser doesn’t support HTML5

Nestor Girukwishaka aheruka kwemezwa nk'umukuru w'umugambwe CNL avuga ko ubutegetsi bwo mu Burundi ata ruhara na rumwe bufise mw'ikurwa rya Agathon Rwasa, yabogojwe akaba ari nawe yashinze uwo mugambwe. Muri Videwo yatunganijwe n'Umumenyeshamakuru Eloge Willy Kaneza, Bwana Girukwishaka asigura ko Rwasa vyamunaniye gushira mu ngiro intego yari yarihaye nk'ihangiro. Nestor Girukwishaka mu kiganiro yahaye Ijwi ry'Amerika yemeza ko Rwasa atazirukanwa mu mugambwe mugabo ko azocika umunywanyi asanzwe. Ku bw'iwe, umugambwe wabwirizwa gusubiriza Rwasa kugira bikunde uje mu matora ya 2025 ufise inguvu.