Amerika Igiye Guha Sudani Imfashanyo ya Miriyoni 100

Bamwe mu banyagihugu ba Sudani

Amerika igiye guha Sudani imfashanyo igera ku miriyoni 100 z’amadorari.

Itororokanirizo ry’amakuru y’abongereza, Reuters, ritangaza ano makuru rivuga ko ryabonye itangazo ry’ikigo c’Amerika kijejwe iterambere, USAID.

Muri iryo tangazo Reuters yabonye ritaraja ku mugaragaro, Samantha Power atwara USAID avuga ko imfashanyo nshasha ya Amerika igamije gufasha mu vy’imfunguerwa, kuronsa abanyagihugu imiti n’ibindi bikoresho vya nkenerwa. Samantha Power asaba n’ibindi bihugu kugarukira kuri Sudani, yemeza ko iri mu kaga.

USAID isaba kandi impande z’abasirikare barwanira ubutegetsi korohereza abagira neza bashira imfashanyo abanyagihugu ba Sudani, bagatanga agahengwe kugira abanyagihugu ba Sudani batezurirwe kandi ntibicwe na kigoyi.

Uno munsi ku wa mbere, umwaka urarumanye Sudani yinjiye mu ntambara. Impande zirwana zagirizanya ivyaha vy’intambara n’uruhara mw’iyicwa ry’abanyagihugu baharurwa mu bihumbi n’ibihumbi bamaze kurwa muri iyo ntambara.

Mu yandi mabi USAID ivuga ko abanyagihugu ba Sudani babaydemwo, arimwo ugufatwa ku nguvu, no guteshwa izabo.