Reta y’Uburundi Yagabishije Abanyagihugu Bajabukana Ibidandazwa mu Rwanda

umupaka w'u Rwanda n'Uburundi

Reta y’Uburundi ivuga ko umunyagihugu uzofatwa ajabukana ibidandazwa mu Rwanda azohanwa nk’umwansi w’igihugu.

Akarorero ni mu ntara ya Cibitoke ihana urubibe n’akarere ka Rusizi mu Rwanda. Uwutwara intara ya Cibitoke yatangarije mu nama yagiranye n’abajejwe intwaro muri iyo ntara bose ko ingingo ruhasha zigiye gufatwa.

Abanyagihugu bo muri iyo ntara bakunze kurema isoko rya Bugarama mu Rwanda babwiye Ijwi rya Amerika ko babohewe amaboko i mugongo.

Bo, co kimwe n’abanya Bugarama basaba abakuru b’ivyo bihugu bibiri kwumvikana bakugurura imipaka yugawe mu ntango z’uyu mwaka.

Umviriza ido n'ido mu nkuru y'umumenyeshamakuru Pierre Claver Niyonkuru

Your browser doesn’t support HTML5

Uburundi Bwabujije Abanyagihugu Babwo Kuja mu Rwanda